Uko wahagera

Turukiya: Abasirikare 73 Bapfunzwe


Ubutegetsi bwa Turukiya bwasohoye itegeko ryo gufunga abasirikare 73 barwanira mukirere, bagirizwa kuba baragize uruhara mu gushaka gutembagaza ubutegetsi.

Televiziyo ya reta ya Turukiya itangaza ko abasirikare 45 b'abadereva b’indege bafashwe mu bikorwa vy’igipolisi biriko birakorwa mu gihugu cose, abandi nabo bari basanzwe barahagaritswe, bashizwe icese kurutonde rw’abasirikare bari mu minwe y’igipolisi.

Mur'abo bafashwe kur'uyu wa kane itariki 27 z’uku kwezi kwa cumi, 71, bari bafise ipete rya Liyetena mu gisirikare kigwanira mu kirere, abandi babiri bafise ipete rya Kolonele.

Ivyo bitanganzwa n’umushingwamanza w’akarere ka KONYA mu gisagara umutahe wo guhagarika abo basirikare watangiwemwo.

Abo basirikare bagirizwa kuba bari bafise imigenderanire na Fetullah Gulen umunyedini aba muri Amerika ubutegetsi buvuga ko ariwe yateguye uwo mugambi wo gushaka guhirika ubutegetsi. Yamara Gulen arahakana ivyo vyagirizo.

Kuva ukwo gushaka guhirika ubutegetsi kubaye mu gihugu ca Turkiya, abantu ibihumbi ijana, bagizwe n’abasirikare, abapolisi, abanyamategeko n’abigisha baramaze kwirukanwa. Abandi bantu ibihumbi mirongo itatu baramaze gufatwa bagirizwa kugira uruhara mur'uwo mugambi wo gushaka gutembagaza ubutegetsi.

XS
SM
MD
LG