Uko wahagera

Uburundi Bwatangarije ONU ko Buvuye muri CPI


Aye Lwin

Aye Lwin

Uburundi bwashikirije umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki-moon, ikete ry’ukuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Uburundi, Alian Aime Nyamitwe, yabwiye Ijwi rya Amerika kw’ivyo vyabaye kw’atagusubira inyuma.

Ibihugu vyo mu karere ka Afrika vyaranebaguye sentare mpuzamakungu mpanavyaha, mu kuvuga ko ishimikira gusa kuri Afrika, kuva amasezerano ashiraho iyo sentare agiye mu ngiro mu mwaka w’i 2002.

Aime Nyamitwe, aremera ko hari izindi mpamvu zifatiye kuri politike zatumye sentare mpuzamakungu mpanavyaha ikwirikirana amadosiye yo mu karere ka Afrika.

Inama nshingamateka y’Uburundi yemeje itegeko ry’ukuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha mu ntango z’uku kwezi.

Ibindi bihugu bibiri vyo mu karere ka Afrika, n’ukuvuga Afrika y’epfo na Gambiya, vyatangaje, kuva ico gihe, ko navyo nyene bizova muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Afrika y’epfo yamenyeshe ishirahamwe ONU ku vyerekeye iyo ngingo kw’italiki 19 z’ukwezi kw’icumi.

Elise Keppler, icegera c’umuyobozi wa programa ijejwe ubutungane mpuzamamkungu, mw’ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Human Rights Watch, avuga ingingo yafashweizogira ingaruka zikomeye cane ku basinzikajwe n’ivyaha bikabije.

Keppler avuga kw’ingingo ya Reta y’Uburundi y’ukuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha ishobora kuba ifatiye ku vyagirizo ku mabi abandanya gukorwa mu gihugu, kuva Perezida Pierre Nkurunziza, yitoje mu kiringo kigira gatatu mu mwaka uheze.

Reta y’Uburundi itangaza ko iriko ikoresha uburenganzira bwayo bw’igihugu cigenga mu kuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

XS
SM
MD
LG