Uko wahagera

Donald Trump Yiyemeje Gufasha Abirabure


Donald Trump, umukandida aturuka mu mugambwe w’abarepublika mu matora y’umukuru w’igihugu muri reta z’unze ubumwe z'Amerika yashikirije imigambi yiwe ku bijanye no guteza imbere ubutunzi bw’abanyamerika b’abirabure.

Abo nabo, ubushakashatsi bwerekana ko muri iki gihe benshi muribo bashigikiye Hillary Clinton umukandida wo mu mugambwe w’abademokrate ariko ahiganwa na Donald Trump.

Mw’ijambo yashikirije k'umusi wa gatatu mu gisagara ca Charlotte muri reta ya Carolina y’uburaruko, Trump yashikirije imigambi yiwe yo kworohereza abirabure b’abanyamerika.

Yatangaje ko azoha amadeni kubikorera utwabo, yongera yemerera ibisagara bimwe bimwe kuronka uburenganzira bwo gusubira kwubakwa bushasha.

Trump yashikirije iryo jambo imbere y’abantu bari bagizwe ahanini n’abanyamerika b’abazungu avuga ati, abirabure batari bake basa nkaho bibagiwe.

Ku musi wa gatatu nyene Trump yatangaje ko amaze gukoresha amafranga angana n’amamiliyoni ijana y’amadolari y’amanyamerika mu bikogwa vyo kwiyamamaza, akavuga kandi ko yiteguriye kwongerako ayandi mafaranga bibaye ngombwa.

XS
SM
MD
LG