Uko wahagera

Ibinyamugigima 2 Vyanyigangije Ubutaliyano


Ubutaliyano kw'ikarata
Ubutaliyano kw'ikarata

Ibinyamugigima bibiri bikomeye vyabaye, mu gice co hagati mu gihugu c’Ubutaliyano, ku musi wa gatatu mw’ijoro. Ico gice ntikiri kure y’akarere kabayemwo ikinyamugigima, cihaye inkumbi mu kwezi kw’umunani.

Ikinyamugigima co ku rugero rwa gatanu n’ibice bine, cakwirikiwe hafi y’amasaha abiri inyuma yaho, n’ikinyamugigima gikomeye kurushiriza kiri ku rugero rwa gatandatu, cabereye hafi y’igisagara ca Castelsantangelo sul Nera.

Ivyo binyamugigima vyumvikanye mu gisagara ca Roma, ku bilometero birenga ijana na mirongo itanu mu bumanuko bw'aho cabereye.

Nta bantu bavurwa ko bapfuye, yamara abategetsi mu bisagara bito bito bitari bike, bavuga kw’inyubakwa za kera n’amasengero, vyononekaye mu kinyamugigima co mu kwezi kw’umunani, vyarasenyutse. Abantu babiri bakomeretse mu gisagara ca Visso, amatora aracika mu gice kinini co muri ako karere.

Ikinyamugigima cabaye kw’italiki 24 z’ukwezi kw’umunani cari ku rugero rwa gatandatu n’ibice bibiri. Ico kinyamugigima cahitanye abantu bagera ku majana atatu.

XS
SM
MD
LG