Uko wahagera

Trump Yuguruye Icese Ihoteri Nshasha i Washington


Imyiyerekano hanze y'i Hotel ya Donald Trump
Imyiyerekano hanze y'i Hotel ya Donald Trump

Umukandida w’umurepublika, Donald Trump, yuguruye icese, ihoteri yiwe nshasha y’ikizungu, mu gisagara ca Washington DC.

Ivyo naho abandanya igikowa ciwe c’ukwiyamamariza amatora y’umukuru w’igihugu azoba mu kwezi kw’icumi na rimwe, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ivyatohojwe mu gihugu cose vyerekana ko Trump, ari inyuma ya Hillary Clinton, mu gihe hasigaye imisi 13 ngw’amatora abe.

Ihoteri The Trump International, hagati mu gisagara ca Washington DC, yatanguye gukora mu kwezi kw’icenda. Trump, amaze kugendera iyo hoteri incuro zitatu mu gikorwa ciwe c’ukwiyamamariza amatora co muri uyu mwaka w’i 2016.

Iyo hoteri iri hafi y’ibiro vya prezida wa Amerika, Maison Blanche, Donald Trump, yizeye gushikamwo igihe prezida, Barack Obama, azorangiza amabanga yiwe kw’italiki 20, mu kwezi kwa mbere, mu mwaka w’i 2017.

Trump, yavuze ko kw’ihoteri yiwe ari imwe, mu mahoteri akomeye cane kw’isi.

XS
SM
MD
LG