Uko wahagera

Espagne Yankiye Ubwato bw'Uburusiya Kongera Ibitoro.


Ubwato butwara indege z’ingwano bw’Uburusiya, Admiral Kuznetsov
Ubwato butwara indege z’ingwano bw’Uburusiya, Admiral Kuznetsov

Ambasade y’igihugu c’Uburusiya ku murwa mukuru wa Espagne, Madrid, yatangaje kw’Uburusiya bwasokoye ivyo bwari bwasavye igihugu ca Espagne vy’ukuburekurira kwongera ibitoro mu mato yabwo bw’ingwano. Vyitezwe ko ayo mato agira uruhara mu bikorwa vya gisirikare mu gihugu ca Siriya.

Umutegetsi aserukira Uburusiya yemeje kw’ivyari vyasabwe n’ico gihugu vyahebwe. Yamara ntabirenga aho yashikirije.

Mu gitondo c’uno musi ku wa gatatu, Ubwongereza bwerekanye impungenge kw’igihugu kiri mw’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, OTAN, cariko ciyumvira guha uburenganzira Uburusiya bw’ukwongera ibitoro mu bwato bwayo.

Abategetsi ba Espagne, bari baremewe kugira banke guha ubwo burenganzira ubwato bw’Uburusiya.

Ubwato butwara indege z’ingwano bw’Uburusiya, Admiral Kuznetsov, n’ubundi bwato bw’ingwano buriko butera buja mw’ibahari Mediterane, buciye hafi y’igihugu ca Espagne.

XS
SM
MD
LG