Uko wahagera

Gambiya Catangaje ko Kivavanuye na CPI


Umukuru w’igihugu ca Gambiya, Yahya Jammeh yasavye sentare mpuzamakungu mpanavyaha gutohoza ku bimukira b’abanyafurika basize ubuzima mw’ibahari mediterane
Umukuru w’igihugu ca Gambiya, Yahya Jammeh yasavye sentare mpuzamakungu mpanavyaha gutohoza ku bimukira b’abanyafurika basize ubuzima mw’ibahari mediterane

Igihugu ca Gambiya catangaje ko kivuye muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha kur’uyu wa kabiri, inyuma ya Afrika y’epfo n’Uburundi vyantangaje ko buyivuyemwo mu ntango z’uku kwezi.

Gambiya kivuga ko iyo sentare mpuzamakungu yirengagiza ivyaha vyo mu ntambara bikorwa n’ibindi bihugu.

Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru wa Gambiya, Sheriff Bojang yatangarije kuri televiziyo y’igihugu kur’uyu wa kabiri ko iyo sentare ikoresha amacakubiri kandi ikurikirana abanyafrika kuruta abandi.

Kiretse icaha kimwe gusa mu vyaha 10 iriko iratohoza, vyose vyerekeye ibihugu vya Afrika, bituma Gambiya cemeza ko iyo sentare yirengagiza ivyaha vyakorewe mu bindi bihugu.

Umushikiranganji Bojang yatangaje ko har’ibihugu vyinshi vyo mu burengero bw’isi, bishika 30 vyakoze ivyaha vyo mu ntambara kubindi bihugu n’abanyagihugu kuva iyo sentare igishingwa ariko nta na kimwe kiragirwako amatohozwa.

Mu ntango z’iyi ndwi, umukuru w’igihugu ca Gambiya, Yahya Jammeh yasavye sentare mpuzamakungu mpanavyaha gutohoza ku bimukira b’abanyafurika basize ubuzima mw’ibahari mediterane.

Mw’ijambo ryiwe, Perezida Jammeh yasavye ko Uburayi bwobazwa urupfu rw’abo bimukira, ariko nta nyishu araronka.

XS
SM
MD
LG