Uko wahagera

Uburusiya Bwongereje Agahengwe muri Aleppo


Inyubakwa yasambuwe n'amabombe mu gisagara ca Aleppo
Inyubakwa yasambuwe n'amabombe mu gisagara ca Aleppo

Uburusiya butangaza ko bwongereje ikiringo c’agahengwe ku bitero vy’indege z’ingwano, mu gisagara casinzikaye ca Aleppo, mu gihugu ca Siriya. Uburusiya buvuga kw’inteko zicuditse nabwo za Reta ya Siriya nazo nyene zifashe, ku bijanye n’ibitero vy’indege z’ingwano mu bice vy’abarwanya ubutegetsi muri Aleppo.

Ivyatangajwe n’Uburusiya, ku musi wa kabiri, vyabaye mu gihe umusirikare akomeye w’Uburusiya, Liyetena Jenerali, Sergei Rudoskoi, avuze kw’indege z’ingwano z’Uburusiya, n’iz’igihugu ca Siriya, zagumye ku bilometero cumi, umuntu avuye hagati muri Aleppo, mu kiringo c’indwi.

Yamara ivyatangajwe n’Uburusiya ntivyashoboye kwemezwa, kandi bisa n’ibitandukanye n’ivyamenyeshejwe n’abakwirikirana ibibera muri Siriya, bakorana n’ishirahamwe rijejwe agateka ka muntu muri Siriya, rifise icicaro i Londres mu Bwongereza. Iryo shirahamwe ritangaza kw’ibitero vy’indege z’ingwano z’Uburusiya n’iz’igihugu ca Siriya vyasubiye kubandanya, ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye, amasaha makeyi inyuma yuko agahengwe k’imisi itatu karangiye ata ntambwe ziboneka, ku gahengwe karama zishitsweko.

Kuva ayo makuru yerekeye guhagarika ibitero vy’indege z’ingwano z’Uburusiya na Siriya, mu gisagara ca Aleppo, atangajwe, abakwirikirana ibibera muri Siriya bamenyesheje kw’ugutana mu mitwe kw’inteko zirwanira hasi kwabandanije mu bice vyo mu buseruko bwa Aleppo, biri mu minwe y’abarwanya ubutegetsi, no mu bice vyo hafi yaho..

XS
SM
MD
LG