Uko wahagera

Igitero ca Al-Shabab muri Kenya Cahitanye Abantu 12


Igitero c’intagondwa cabaye uno musi ku wa kabiri ku bantu batari Abayislamu, ku rubibe hagati y’igihugu ca Kenya na Somalia, mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu, cahitanye abantu cumin a babiri.

Abarwanyi bo mu mirwi al-Shabab, ukorera muri Somaliya, bagize igitero kw’ihoteri, Guest House, ari ahitwa Bisharo, mu gice citwa Mandera County, yarimwo abantu bava hanze y’ako karere.

Umusiirikare mukuru mu gice ca Mandera County, Job Boronjo, amenyesha ko bakoresheje amagrenade n’amabombe muri ico gitero. Amenyesha ko utwigoro tw’ugutabara turiko turabandanya.

Umurwi al-Shabab, wiyitiriye buno nyene ico gitero. Umenyesha kw’ico gitero carondera abakozi b’Abakristu.

Igitero c’uno musi ku wa kabiri, ni kimwe mu bitero umurwi al-Shabab, ugize ku butaka bwa Kenya, kuva ico gihugu kirungitse inteko muri Somaliya, mu mwaka w’i 2011.

Mu ntango z’uku kwezi, abantu batandatu barishwe, mu gitero nkico ku bantu bari bagendeye igice ca Mandera, igihe abikekwa kw’ari abarwanyi b’umurwi al-Shabab, bagira igitero ku nyubakwa barimwo muri ako karere.

XS
SM
MD
LG