Uko wahagera

Userukira Amerika muri Asia ari mu Rugendo muri Filipine


Prezida wa Filipine, Rodrigo Duterte, mu rugendo mu gihugu c’Ubushinwa, yatangaje ko afise imigambi y’uguhagarika imigenderanire na Amerika

Prezida wa Filipine, Rodrigo Duterte, mu rugendo mu gihugu c’Ubushinwa, yatangaje ko afise imigambi y’uguhagarika imigenderanire na Amerika

Daniel Russel, umutegetsi akomeye aserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika, mu karere ka Asia, yabonanye n’umunyamabanga ajejwe imigenderanire w’igihugu ca Filipine, Perfecto Yasay, imisi mikeyi inyuma yuko prezida w’ico gihugu, Rodrigo Duterte, mu rugendo mu gihugu c’Ubushinwa, atangaje ko afise imigambi y’uguhagarika imigenderanire na Amerika.

Russel, yatangaje ko yabwiye, Perfecto Yasay, kw’ivyatangajwe na prezida Duterte vyateye impungenge, mu bihugu bitari bike, harimwo Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ku musi wa gatandatu prezida Duterte, asa n’uwasubiye ku vyo yatangaje ari i Beijing. Yatangaje ko mu vy’ukuri atagiye guhagarika imigenderanire na Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Ivyo kubera kubandanya imigenderanire na Amerika biri mu nyungu z’igihugu ciwe.

Russel, avuga ko igihugu ciwe cakira neza iyoroshwa ry’imigenderanire hagati ya Filipine n’Ubushinwa. Yamara atangaza kw’ivyo bidakwiye kuba, mu gihe imigenderanire ihagaze hagati ya Amerika na Filipine.

Inyuma y’igihugu ca Filipine, Russel, azogendera igihugu ca Thailande.

Mu nyuma yaho azoja mu gihugu ca Cambodge, kubonana n’abategetsi ba Reta n’abaserukira abatavuga rumwe na Reta, hamwe n’abaserukira amashirahamwe adaharanira inyungu za politike.

XS
SM
MD
LG