Uko wahagera

Iraki Yarashe vya Muzinga mu Buseruko bwa Mosul


Inteko z’igihugu ca Iraki zarashe vya muzinga, mu bice biri hanze y’igisagara ca Mosul, uno musi ku wa mbere. Ivyo biriko biba mu gihe igitero c’ugusubira kwigarurira igisagara ca Mosul, kiri mu minwe ya Reta ya Kiyislamu, cinjiye mu ndwi igira kabiri.

Ibitero vyashimikiye hafi y’ahitwa Bartella, hafi y’ibilometero 15 mu buseruko bw’igisagara ca Mosul. Inteko z’igihugu ca Iraki, zifatanije n’abarwanyi b’Abakurde, zaragize intambwe mu gufata ibisagara bito bito mu buseruko no mu bumanuko bw’igihugu ca Mosul, mu gihe ziriko zitera zegereza ico gisagara ubwaco.

Brett McGurk, intumwa idasanzwe y’urunani ruyobowe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yashize ubutumwa ku rubuga Twitter, buvuga ko ivyo bashaka gushikako vyose mu ndwi ya mbere, vyabeye mu ndwi ya mbere.

Uno musi ku wa mbere kandi, ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Human Rights Watch, ryasavye ko haba itohoza ku bitero vy’indege z’ingwano vyabaye mu ndwi iheze, vyahitanye abantu cumi na batatu, ku musigiti hafi y’igisagara ca Kirkuk.

Umuvugizi w’igisirikare ca Amerika, Koloneli John Dorrian, avuga ko urunani ruyobowe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, rwemeza kw’ata ruhara inteko zarwo zagize muri ivyo bitero.

XS
SM
MD
LG