Uko wahagera

Isanganya rya Bus Ryahitanye 13 muri Californiya


Abantu 13 barapfuye abandi 31 barakomereka mw’isanganya hagati ya bus ndende yunguruza abantu yasekanye n’ikamyo muri reta ya Californiya, muri Leta zunze ubumwe z’Amerika.

Umukuru ajejwe kugenzura uruja n’uruza mu mabarabara makuru makuru mur’iyo reta, Jim Abele, yatangaje ko iyo bus yariko ija mu gisagara ca Los Angeles.

Abele yamenyesheje kandi ko hataramenyekana icateye iryo sanganya ariko ngo uravye uko izo modoka zononekaye, biragaragara ko bari mu muvuduko mwinshi.

Nta bwenegihugu bw’ingenzi zari mur’iyo bus burashirwa ahabona ariko abategetsi batangaje ko bavuganye n’ubuserukizi bwa Mexico, Ubuyapani na Australiya bibaza ko zimwe mur'izo ngenzi ziturukamwo.

XS
SM
MD
LG