Uko wahagera

Hillary Clinton Ashaka Abashingamateka Benshi b'Abademokrate


Hillary Clinton, ariko arahiganira ikibanza c’umukuru w’igihugu ku giti c’umugambwe w’abademokrate muri Leta zunze ubumwe z’Amerika agiye gushira inguvu mu kurondera ko azoronka abashingamateka benshi bo mu mugambwe wiwe bazomushigikira gushira mungiro imigambi yiwe.

Clinton yabwiye abamenyeshamakuru kuwa gatandatu ko mu misi isigaye yo kwiyamamaza agiye gushira inguvu z’uko abademokrate bigarurira inama nshingamateka.

Mugihe amaze kwizera ko azotsinda, Clinton kur’uyu w’Imana yahisemwo kutazosubira guhangana na Donald Trump mu gutanako amajambo.

N’ inyuma y’aho Trump amwagirije ko ar’umuryi w’ibiturire kandi atabereye ikibanza c’umukuru w’igihugu.

Abahinga bakurikirana ivy'amatora baha Hillary Clinton amahirwe angana n’ibice 90 kw’ijana ko ashobora gutahukana intsinzi.

XS
SM
MD
LG