Uko wahagera

Kameruni: Kurondera Abahitanwe n'Isanganya ya Gariyamoshi


Abanyekameruni baharurwa mu bihumbi kur’uyu w’Imana barashwaye ibitaro vyo ku mirwa mikuru Yaounde na Douala barondera ibiziga vy’ababo hamwe n’abarokotse mw’isanganya rya gariyamoshi ryabaye k’umusi wa gatanu.

Abantu barenga 70 nibo bahasize ubuzima abandi 600 barakomereka. Iyo tereni yari ipakiye ingenzi zirenze urugero, zashika ku 1300 mugihe yari igenewe gutwara 600.

Inyuma y’iryo sanganya, reta ya kameruni yatangaje ko bamaze gukura ibiziga 55 mu bisigarira vy’iyo gariyamoshi babatwara mu buruhukiro bw’ibitaro vy’ I Douala na Yaounde kuko ibitaro vy’I Esseka hafi y’aho yatembagariye bishobora kubika ibiziga 15 gusa.

Perezida Paul Biya wa Kameruni yarahojeje imiryango yabuze, asaba reta gufasha abo bose babangamiwe n’amagara bitewe n’iryo sanganya, ndetse ategeka ko kur’uyu wa mbere uba umusi igihugu cibuka abahasize ubuzima.

XS
SM
MD
LG