Uko wahagera

Impunzi 112 Zararokowe Muri Mediterane ku Nkengera za Libiya


Abimukira n’impunzi barenga 110 bariko bagana k’umugabane w’Uburayi bararokowe bari mu bwato mw'ibahari mediterane ku nkengera za Libiya k’umusi wa gatandatu.

Abo bimukira, benshi bava mu gice ca Afrika kiri musi ya Sahara.

Abategetsi batwara ikivuko c’I Tripoli k’umurwa mukuru wa Libiya, batangaje ko barungitse ubwato bucungera inkengera z’ibahari, inyuma y’aho baboneye ubwato bubiri bwarimwo izo mpunzi hafi y’ico kivuko.

Abajejwe gutabara bashitse basanga ubwato bumwe bumaze kwibira mu mazi, barashobora kurokora impunzi zishika 112.

XS
SM
MD
LG