Uko wahagera

Afrika y'Epfo: Abatavugarumwe n'ubutegetsi Ntibashigikiye Kuva muri CPI


Mmusi Maimane, arongoye umugambwe Democratic Alliance, utavugarumwe n'ubutegetsi muri Afrika y'Epfo

Mmusi Maimane, arongoye umugambwe Democratic Alliance, utavugarumwe n'ubutegetsi muri Afrika y'Epfo

Umugambwe utavugarumwe n’ubutegetsi muri Afrika y’Epfo, Democratic Alliance, umenyesha ko k’umusi wa mbere uzokwitura sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro kugira uyisabe ko ingingo yafashwe na reta yo kuvavanura na sentare mpuzamakungu mpanavyaha yohagarikwa.

Uwo mugambwe ubitangaje inyuma y'aho umushikiranganji w’ubutungane wa Afrika y’epfo, Michael Musutha atangaje kur'uyu wa gatanu ko reta igiye kurungikira inama nshingamateka integuro y’itegeko ryo kuva mu masezerano y’I Roma yashizeho iyo sentare.

K’umusi wa gatanu kandi, afrika y’Epfo yararungikiye urwandiko rw’uko cipfuza kuvavanura na sentare mpuzamakungu mpanavyaha ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Abashigikiye ubutegetsi muri Afrika y'Epfo batangaza ko reta ya Pretoria iriko ikurikiza akamo katewe n’umuryango w’ubumwe bwa Afrika gasaba ibihugu biwugize kudakorana n’iyo sentare.

XS
SM
MD
LG