Uko wahagera

Umusirikare wa Misiri w'Ipete rya Jenerali Yagandaguwe


Umusirikare mukuru w’ipete rya Jenerali muri Misiri yaragandaguwe arashwe hafi y’urugo rwiwe mu buseruko bw’umurwa mukuru Kayiro kur’uyu wa gatandatu.

Abategetsi ba Misiri batashimye ko amazina yabo amenyekana batangaje ko iyo ntwazangabo yishwe yitwa Brigadiye jenerali Adel Ragai, kandi ko yar’arongoye ikambi ya gisirikare mu burengero bwa Kayiro.

Ico yazize ntikiramenyekana, ariko akagwi gato k’abarwanyi kitaziriye Liwa al-Thawra niko kashikirije ko kamugandaguye mu butumwa katanze bwa Twitter.

Ubwo bwicanyi bubaye mugihe mu buraruko bw’akarere ka Sinayi hamaze igihe hakorwa uruhigi n’ibitero vy’indege birondera imirwi y’abarwanyi yama yahungabanije umutekano.

XS
SM
MD
LG