Uko wahagera

Donald Trump Azokwitwarira Abamwagiriza Niyatsinda Amatora


 Umukenyezi Jessica Drake ariko avuga ivyamushikiye vyatewe na Donald Trump
Umukenyezi Jessica Drake ariko avuga ivyamushikiye vyatewe na Donald Trump

Umurepublikani Donald Trump aharanira umwanya w’umukuru w’igihugu muri Leta zunze ubumwe z’Amerika yashikirije ivyo yipfuza kuzohindura muvy’abimukira aramutse atsinze, ko mu misi ijana ya mbere ari k’ubutegetsi azogabanya amatagisi kubice 35 ku batinjiza amafaranga menshi.

Trump yatangaje ko azogabanya ibitigiri vy’abimukira baza muri Amerika badakwije ibisabwa n’amategeko mu kubapfunga imyaka ibiri imbere yo kubasubiza iyo baje bava.

Amenyesha kandi ko inyuma y’amatora ashobora kwitwarira abagore bose bamwagirije ko yashatse kubasambanya.

Ivyo yabishikirije kur’uyu wa gatandatu, aho yari kwiyamamaza mu gisagara ca Gettysburg, muri reta ya Pennsylvaniya, aho avuga ko azoshiraho ibiringo abagize inama nshingamateka bakwiye kumara mu bikorwa ahagarike kandi gutanga ubuzi bwa reta.

Hillary Clinton na Tim Kaine yagenye kuzoba icegera ciwe kur’uyu wa gatandatu biyamamarije mu bisagara vya Pittsburgh na Philadelphia mur’iyo reta nyene ya Pennsylvaniya.

XS
SM
MD
LG