Uko wahagera

Uburusiya Buriko Burungika Ubwato bw'Ingwano Muri Mediterane


Ingingo y’Uburusiya y’ukurungika amato akomeye cane y’ingwano mw’ibahari Mediterane, vyateye impungenge zikomeye mu karere k’i Bulaya.

Ubwato bw’ingwano bw’igihugu c’Ubwongereza bwarakwirikiranye ubwato bw’ingwano bw’Uburusiya, kuwa gatanu, mu gihe bwariko burengana mu muhora w’ibahari wegereye ico gihugu.

Umuhinga mu vya politike mu kigo cihweza ibibazo mpuzamakungu i Moscou, Victor Mizin, avuga ko Uburusiya buriko bugerageza kwibutsa amakungu ko bukiri igihugu c’igihangange kw’isi mu vya gisirikare.

Avuga ko arico gituma buriko burungika ubwato bwayo bukomeye cane bw’ingwano mw’ibahari Mediterane. Muri ubwo bwato bw’ingwano harimwo ubuwato butwara indege, Admiral Kuznetsov.

Ubwo bwato buriko butera buja mw’ibahari Mediterane, mu mugambi w’Uburusiya w’ugushigikira Reta y’igihugu ca Siriya.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, O-T-A-N, Jens Stoltenberg, yarerekanye amakenga ko ubwato butwara indege z’ingwano, Kuznetsov, bushobora kugira uruhara mu bitero mu gisagara ca Aleppo, n’ukwongereza ububabare bw’abanyagihugu muri ico gisagara.

XS
SM
MD
LG