Uko wahagera

Afrika y'Epfo Mu Nzira yo Kuvavanura na Sentare Mpuzamakungu.


Umushikiranganji w'Ubutungane muri Afrika y'Epfo, Michael Masutha, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Pretoria.
Umushikiranganji w'Ubutungane muri Afrika y'Epfo, Michael Masutha, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Pretoria.

Igihugu ca Afrika y’epfo catangaje ko kivuye muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Umushikiranganji ajejwe ubutungane, Michael Masutha, yatangaje kur'uyu wa gatanu, kw’integuro y’itegeko ryerekeye iyo ngingo rizoshikirizwa inama nshingamateka.

Integuro y’iryo tegeko isaba ko Afrika y’epfo ifuta ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’i Roma, yashizeho sentare mpuzamakungu mpanavyaha, amasezerano ategeka ibihugu vyayateyeko igikumu guhagarika uwariwe wese arondewe na sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Iyo sentare yashizweho kugira ishire imbere y’intahe abakoze ihonyabwoko, ivyaha vyo mu ntambara n’ivyaha vy’agahomerabunwa.

Ibihugu vyo muri Afrika yamara bitangaza kw’iyo sentare ishimikira gusa ku bategetsi bo mu karere ka Afrika.

Ingingo y’igihugu ca Afrika y’epfo, y’ukuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ibaye imisi mikeyi inyuma yuko Uburundi butangaje ko nabwo nyene buvuye muri iyo sentare.

Prezida w’Uburundi, Pierre Nkurunziza, yateye igikumu kw’itegeko ry’ukuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha ku musi wa kabiri.

XS
SM
MD
LG