Uko wahagera

USA-Turkiya: Ash Carter yabonanye na Recep Tayyip Erdogan


Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ash Carter, na prezida w’igihugu ca Turikiya, Recep Tayyip Erdogan, baganiye uno musi ku wa gatanu, ku gikorwa nkenerwa c’ukwongereza ugukorana mu vy’igisirikare hagati ya Amerika na Turkiya, mu gikorwa c’ugutsinda Reta ya Kiyislamu muri Siriya na Iraki.

Ash Cater, yashitse ku murwa mukuru wa Turikiya, Ankara, uno musi ku wa gatanu, aho yabonanye na prezida Erdogan, n’abandi bategeti bakomeye.

Itangazo ry’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ryamanyesheje kw’abo bategetsi babiri bumvikanye ku vyerekeye kuvugana kenshi, n’ugukorana kugira babone kw’urunani rurkiko rurwanya Reta ya Kiyislamu rutsinze uwo murwi.

Urugedo rw’umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika, Ash Carter, ribaye mu gihe Amerika itera igira imnpungenge kurushiriza, ku mwuka mubi hagati ya Tukriya na Iraki, ku bijanye n’ibikorwa vya gisirikare vy’ugusubira kwigarurira igisagara ca Mosul, kiri mnu minwe ya Reta ya Kiyislamu.

Turkiya, ishaka kugira uruhara kurushiriza mu rugamba rw’ugusubira gufata igisagara ca Mosul. Yamara Reta ya Iraki ntishaka uruhara rwa gisirikare rwa Turkiya mu rugamba rw’ugusubira kwigarurira Mosul.

Imbere yuko ashika muri Turkiya Carter, yatangaje ko yari gishimikira ku vyuko Turkiya yubahiriza ubwigenge bw’igihugu ca Iraki.

XS
SM
MD
LG