Uko wahagera

USA: Reta ya Georgia Yagandaguye Umunyororo Gregory Paul Lawler


Reta ya Georgia yo mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Leta zunze Ubumwe z’Amerika yaragandaguye umugabo yagirizwa kurasa umuporisi no gukomeretsa uwundi mugenzi we mu gisagara ca Atlanta akoresheje inkoho nini.

Uwo mugabo w’imyaka 63 y’amavuko, Gregory Paul Lawler yishwe ku musi wa gatatu aho yari mw’ibohero ry’ahitwa Jackson, riri ku birometero 80 uvuye mu gisagara ca Atlanta.

Amakuru ava mu butungane, avuga ko, Lawler yarashe abo baporisi babiri igihe bariko baraharira k’umuhana wiwe mu mwaka w’1997.

Akanama ko mur’iyo reta ya Georgia gashinzwe gusabira ibigongwe abanyororo nk’abo karagerageje kumusabira ikigongwe ariko vyabaye impfagusa.

Abaye umunyororo agira ndwi yishwe na reta ya Georgia uyu mwaka, kandi agize uwa 67 yishwe mur’iyo reta nyene kuva aho Sentare nkuru y’Amerika isubirijeho igihano co gupfa mu mwaka w’1976.

XS
SM
MD
LG