Uko wahagera

Abanyamategeko Biyamirije Ingingo y'Uburundi yo Kuva Muri CPI


Hassan Bubacar Jallow yahoze ari umushikirizamanza mukuru wa sentare idasanzwe yashiriweho u Rwanda

Hassan Bubacar Jallow yahoze ari umushikirizamanza mukuru wa sentare idasanzwe yashiriweho u Rwanda

Umurwi w’abahinga mu vy’amategeko mpuzamakungu bo muri Afrika bahurikiye mu runani rwitwa “Africa Group for Justice and Accountability’’ umenyesha kw' ubabajwe kandi wiyamirije ingingo y’Uburundi yo gukura akarenge muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI.

Mu rwandiko bashize ahabona mu nama barimwo I Arusha muri Tanzaniya, abo bahinga bavuga ko bitangaje kubona intambwe Uburundi bwari bugezeko igiye gusubira inyuma.

Kw’izina rya bagenzi biwe, umunya Gambia Hassan Bubacar Jallow yahoze ari umushikirizamanza mukuru wa sentare idasanzwe yashiriweho u Rwanda guhana ivyaha vy’ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu1994, avuga kw' iyo ingingo ije gusasira indava ukudahana ivyaha.

Yagize ati “Twebwe tubona ko ahubwo sentare mpuzamakungu mpanavya CPI ari nk’umufasha mwiza mu kurwanya ukudahana ivyaha. Uburundi ni kimwe mu bihugu vyahora bikorana neza kandi twibaza ko uwo mubano utazotosekara kuko haracariho akaryo n’intambwe zindi kugira iyo ngingo ije mu ngiro. Tubona ko CPI ar' urwego rwafasha no muvy'amategeko, mu gukomeza amahoro no kutijajara ku bategetsi batandukanye.”

Jallow yavuze ko batewe umutima uhagaze n’ingingo y’Uburundi yo kuva muruwo muryango.

“Bizotuma abakorerwa ivyaha bitandukanye harimwo n’uguhohotera kiremwa muntu bataronka aho bitwara kugira batunganirizwe. Ego nivyo hariho ibibazo no kutumvikana hagati y’ibihugu vya Afrika niyo sentare ariko vyose vyotorerwa umuti bukebuke habaye inama n’ingingo.”

Abo bahinga barimwo n'abahoze batwara ama sentare yihariye mpanavyaha mu bihugu vya Yugoslavia na Sierra Leone, bavuga ko hariho ivyaha bikomeye nk' ivyihonyabwoko, ivyo mu ntambara canke vyo gutikiza inganda bidashobora guhanwa n’ama sentare y’imbere mu gihugu. Basaba umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza kwisubirako.

Jallow yavuze ko basavye bashimitse n'umukuru w’igihugu c’Uburundi ko yosubiramwo iyo ngingo kuko haracari kare kugira basubire gukorana neza na sentare mpuzamakungu mpanavyaha yashizweho n’amasezerano y’I Roma.

“Iyo ngingo ifise ingaruka mbi nyinshi kurusha ingaruka nziza. Bibaye ngombwa mbere turemeye kuba abahuza kugira icuka gisubire kuba ciza, ingorane zihave,”

Inama barimwo yo kurabira hamwe ingene ibihugu vya Afrika vyokorana neza n’ama sentare mpuzamakungu ahana ivyaha bitandukanye, bavuze kw'impinga ikiri ndende.

Abaserukira sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI barimwo umuhanuzi mu vy’amategeko wa procureur w’iyi sentare bahakanye kw' ata gice na kimwe c’umugabane w’isi bahengamiyeko, yaba I Bulaya, Amerika canke muri Afrika. Aha bari babajijwe igituma abamaze guhanwa canke gukurikiranwa, abenshi arabanyafrika.

Abaserukira CPI bavuze kw' aruko kumbure ivyaha vyinshi bishobora kuba bikorerwa muri Afrika, bwaba ubwicanyi bw’ikirenga, ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu canke ivyaha vyo mu ntambara, kandi abavyagirizwa bakaba bafise ubutegetsi canke batwara inzego zikomeye, badashobora guhangarwa n’ama sentare y’imbere mu bihugu. Kira noneho Afrika ngo ninayo ifise imigwi myinshi igwanya ama Leta ikoresheje ibirwanisho.

XS
SM
MD
LG