Uko wahagera

Ubudagi Bwakiye Inama Kuri Ukraine


Abakuru b'ibihugu Angela Merkel w'Ubudage, Vladimir Putin w'Uburusiya, Petro Poroshenko wa Ukraine, na Francois Hollande w'Ubufransa

Abakuru b'ibihugu Angela Merkel w'Ubudage, Vladimir Putin w'Uburusiya, Petro Poroshenko wa Ukraine, na Francois Hollande w'Ubufransa

Chanseliyere w’igihugu c’Ubudagi, Angela Merkel, yagirishije inama, n’abakuru b’ibihugu vy’Uburusiya, Ukraine n’Ubufransa mu gisagara ca Berlin.

Ni mu twigoro tw’ugusubira kunagura amasezerano y’amahoro yo mu gisagara ca Minsk, yahagaze yari agenewe gutorera inyishu iciye mu biganiro, intambara iri mu buseruko bwa Ukraine.

Mu gihe umwuka mubi utera wiyongera hagati y’ibihugu vyo mu burengero bw’isi n’Uburusiya, Angela Merkel, yatumiye prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, prezida wa Ukraine, Petro Poroshenko.

Mur'iyo nama yarimwo na prezida w’Ubufransa, Francois Hollande, yar'igamije kwihweza ishirwa mu ngiro ry’amasezerano yateweko igikumu mu gisagara ca Minsk, n’ukuganira izindi ngingo zofatwa.

Yamara nta mwizero uhari wuko hashobora kuba intambwe ziboneka.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, ku musi wa kabiri, mu gisagara ca Berlin, Angela Merkel, yatangaje kw’ibintu vyahagaze, ku bibazo bitari bike, nk’ivyerekeye guhagarika ingwano, ibibazo vya politike, n’ibibazo vyerekeye gutabara abanyagihugu.

XS
SM
MD
LG