Uko wahagera

Trump Yatumiye Umuvukanyi wa Perezida Obama


Malik Obama asangiye se na Perezida Barack Obama ashigikiye Donald Trump
Malik Obama asangiye se na Perezida Barack Obama ashigikiye Donald Trump

Malik Obama asangiye se na Perezida Barack Obama, azoba ari mu bazoba bariko bumviriza incuro ya nyuma y’impari hagati y’abakandida bahiganirwa amabanga y’umukuru w’igihugu, muri Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uno musi wa gatatu.

Malik yatumiwe n’abajejwe igikorwa c’ukwiyamamaza c’umukandida w’umurepublika, Donald Trump.

Sewabo wa Perezida Obama, Sayid Obama, ari mu gihugu ca Kenya, yabwiye Ijwi rya Amerika, ko yemerako Malik, yemeye kuba igikoresho c’abajejwe igikorwa c’ukwiyamamaza ca Donald Trump.

Sayid Obama, avuga kandi ko Malik, ariwe muntu wenyene mu muryango azi ashigikiye umukandida w’umurepublika, Donald Trump.

Yabwiye Ijwi rya Amerika, ari mu gisagara ca Kisumu, muri Kenya, kw’atawundi numwe azi mu muryango, ashigikiye Trump, uretse Malik.

Amenyesha kw’abandi bose bubaha cane Hillary Clinton.

Sayid Obama, avuka ko atavugana kenshi na Malik, kandi ko atarasubira kumubona kuva prezida Obama, agendeye igihugu ca Kenya, mu mwaka uheze. Yamara atangaza ko atangazwa n’impamvu Malik, yemeye ubutumire bwa Donald Trump, bw’ukuza kurorera impari hagati yiwe, n’uwo bahiganwa, Hillary Clinton.

Aratangazwa kandi n’ukuntu Malik, ashigikiye Trump. Atangaza ko atumva ukugene yemeye gukoreshwa mw’ihiganwa hagati ya Trump, na Hillary Clinton, ry’ukuba perezida wa Amerika.

XS
SM
MD
LG