Uko wahagera

Iraki: Abantu Ibihumbi n'Ibihumbi Bariko Bahunga Mosul


Abanyagihugu bahunga Mosul mu ntambara hagati y'abasirikare ba Iraki n'abarwanyi b'umuhari wa reta ya Kiyisilamu
Abanyagihugu bahunga Mosul mu ntambara hagati y'abasirikare ba Iraki n'abarwanyi b'umuhari wa reta ya Kiyisilamu

Ishirahamwe ryitaho abana, Save The Children, ryatangaje kur'uyu wa gatatu kw’abantu ibihumbi n’ibihumbi bahunze akarere ka Mosul, kubera ibitero vy’inteko z’igihugu ca Iraki, n’inteko z’Abakurde, vy’ukwigarurira igisagara ca Mosul kiri mu minwe ya Reta ya Kiyisilamu.

Ishirahamwe, Save The Children, ryatangaje kw’abantu bagera ku bihumbi bitanu bashitse mw’ikambi y’impunzi, mu gihugu ca Siriya, mu misi cumi irangiye.

Iryo shirahamwe ritangaza ko iyo kambi ishobora kurengerwa n’igitigiri c’abandi bantu batera biyongera. Abo bantu bashika muri iyo kambi ata kintu bafise, uretse impuzu ku mugongo. Bakaba ata kintu baronka kibafasha.

Inteko za Reta Zunze Ubumwe za Amerika zirenga ijana ziri kumwe n’inteko z’igihugu ca Iraki, n’inteko z’Abakurde, mu bikorwa gisirikare mu gisagara ca Mosul.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Amerika, Capitaine mu gisirikare kirwanira mu mazi, Jeff Davis, yabwiye abamenyeshamakuru ku kw’izo nteko z'Amerika ziriko zifasha abasirikare b’Abakurde bagera ku bihumbi cumi, n’abasirikare ibihumbi cumi n’umunani b’igihugu ca Iraki.

Ni mu gihe bariko bahangana n’abarwanyi ba Reta ya Kiyisilamu bamaze ikiringo kirenga imyaka ibiri, mu gisagara ca Mosul.

Havurwako abarwanyi ba Reta ya Kiyisilamu bari hagati y’ibihumbi bitatu n’ibihumbi bitanu bari mu gisagara ca Mosul.

XS
SM
MD
LG