Uko wahagera

Somaliya: Igitero Cahitanye Abategetsi mu Bajejwe Umutekano


Abantu bashika k’8, harimwo abakozi ba Reta, nibo basize ubuzima mu gitero cabaye kur’uyu wa kabiri, igitero cakozwe n’umugwi al-Shabab, mu gisagara ca Afgoye, kiri ku birometero 30, uva mu buseruko bw’umugwa mukuru wa Somaliya, i Mogadiscio.

Mu bahitanywe n’ico gitero harimwo umuyobozi w’ibohero, Colonel Hassan Mohamed Hashi, umurongozi w’igipolisi Abdulle Gorod, Icegera ciwe w’igipolisi Capitaine Ahmed Abdulkadir, hamwe n’umuyobozi mu gisata kijejwe ubutunzi mur’ako karere Mohamud Dahir Qoley. Ico gitero cakomerekeje abantu bashika kw’9, nkuko vyemezwa n’abarongozi b’umutekano.

Buramatari w’Intara ya Lower, Shabelle Ibrahim Aden Ali, amenyesha ko Colonel Mohamed yapfuye ariko ararasana n’abo bagwanyi, abandi bakaba bahitanywe n’ibombe yaturikiye mu modoka yari ku kirindiro c’igipolisi mur’ico gisagara.

Umugwi al-Shabab, usanzwe ukora ibitero mu ntumbero yo kugwanya Reta ya Somaliya kuva mu mwaka w’2006, waratangaje ko wiyemeje guhungabanya amatora yimirije aho muri Somaliya. Igisagara ca Afgoye, caraye gitewe, kikaba ari kimwe mu bisagara icenda, abajejwe umutekano bari batangaje ko bishobora kubangamigwa n’ibitero vya al-Shabab.

XS
SM
MD
LG