Uko wahagera

ONU Iramirira Kure Ibitero vya Misile muri Koreya ya Ruguru


Imboneshakure yo muri Koreya y'Ubumanuko yerekana ibitero vya Misile, bitegwa na Koreya y'Uburaruko.
Imboneshakure yo muri Koreya y'Ubumanuko yerekana ibitero vya Misile, bitegwa na Koreya y'Uburaruko.

Inama nkuru y’umutekano ya ONU yateye ivyatsi ibitero vya missile biheruka gukorwa na Koreya ya ruguru, ikavuga ko ishobora no kwongerereza ibihano.

Ni mw’itangazo ryasohotse kur’uyu wa mbere, inyuma y’inama yihuta yabaye mu mwiherero. ONU ivuga ko Koreya ya Ruguru itegerezwa guhagarika kugira imyimenyerezo y’ibitero vya missile balistique hamwe n’ibigwanisho ruhonyanganda.

Ivyo bitero vyabaye k’umunsi wa gatandatu, izo missile zikaba zaturitse zigiterwa. Mwomenya ko ivyo bitero vya missile, Koreya ya Ruguru yabikoze mu gihe yaheruka gutera ibindi vyari vyiyamirijwe na ONU. Koreya y’amajepfo ikaba nayo nyene yari yiyamirije ivyo bitero, ivuga ko ar’ukurenga ku mategeko mpuzamakungu, kandi kw’ar’agasotoro.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika yasavye amakungu kuba maso no kwifatikanya na Koreya y’Ubumanuko hamwe n’Ubuyapani, mu ntumbero yo gucungera umutekano muri Aziya y’Uburaruko.

XS
SM
MD
LG