Uko wahagera

Amatora muri Kongo Yigijweyo


Amatora y'Umukuru w'Igihugu muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo.
Amatora y'Umukuru w'Igihugu muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo.

Muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo, kur’uyu wa mbere habaye ibiganiro ku bijanye n’iyimugwa ry’amatora y’Umukuru w’Igihugu. Abari mur’ivyo biganiro bumvikanye ko amatora yimurigwa mu kwezi kwa 4 kw’umwaka w’2018, itariki yari yiyamirijwe n’abatari bake k’uruhande gw’abatavuga rumwe na Reta.

Mur’ivyo biganiro, vyabereye ku mugwa mukuru wa Kongo, i Kinshasa, humvikanywe ko Perezida Joseph Kabila abandanya ikiringo ciwe gushika kur’iyo tariki. Ikiringo ciwe cari gitegekanijwe guhera itariki ya 20, mu kwezi kwa 12 uyu mwaka, kandi Ibwirizwa Shingiro rikaba ritamwemerera gusubira kwitoza.

Ihuriro ry’imigambwe itavuga rumwe na Reta, ryari ryiyonkoye mur’ivyo biganiro, mu kwezi kwa 6, rimenyesha ko Prezida Kabila ategerezwa guhagarika amabanga yiwe mu kwezi kwa 12, uyu mwaka. Iryo huriro rikamenyesha ko ritemera ivyavuye mur’ivyo biganiro.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ibihugu vya Buraya rimenyesha ko rishobora gufatira ibihano Igihugu ca Kongo. Kur’uyu wa mbere, abashikiranganji bajejwe imigenderanire n’ayandi makungu baturuka mu bihugu 28, bihurikiye mw’Ishirahamwe ry’Ibihugu vya Buraya, rimwe mu mashirahamwe akomeye asanzwe afasha Kongo, basaba ko haba ibiganiro bidakumira kandi birimwo umuco.

Perezida Jospeh Kabila ntiyitabiye ivyo biganiro, bikavugwa ko kur’uyu wa kabiri ariho aza kuvyitabira, kuko ari naho bitegekanijwe gutera igikumu kuvyavuye mur’ivyo biganiro.

XS
SM
MD
LG