Uko wahagera

Donald Trump Aremeza ko Yatakaje Amajwi ku Bagore


Umukandida w’umurepublikani Donald Trump mu matora y’umukuru w’igihugu muri Leta zunze ubumwe z’Amerika yaremeye kuwa mungu ko ariko aratakaza amajwi y’abagore.

Ivyo avyegeka ko binyamakuru vyo muri Amerika bibandanya bitanga amakuru y’abagore bashikiriza ko yabagizeko inyifato mbi mu kwipfuza kubasambanya.

Abandanya avuga ko ayo makuru ar’ibinyona kandi ko ivyo bifise intumbero kumukura mw’ihiganwa.

Ibiharuro vyerekana ko umudemokrate Hillary Clinton aza imbere ya Trump ku majwi 5.5 kw’ijana.

Ni mugihe kur’uyu wa gatatu Trump na Clinton ariho bazohangana mu kwishura ibibazo vy’abamenyeshamakuru ubugira gatatu ari nabwo bwa nyuma imbere y’amatora. Amatora ategekanijwe italiki 8 z’ukwezi kwa cumi na kumwe.

XS
SM
MD
LG