Uko wahagera

Nijeriya: Abakobwa Barekuwe na Boko Haram Bahawe Abavyeyi Babo


Umwe mu bakobwa barekuwe i Chibok agumbirana n'umwe mubo mu muryango wiwe, igihe bariko bashikirizwa imiryango yabo.
Umwe mu bakobwa barekuwe i Chibok agumbirana n'umwe mubo mu muryango wiwe, igihe bariko bashikirizwa imiryango yabo.

Umurwi w’abavyeyi b’abanyanijeriya barashikiriye abakobwa babo 21 b’abanyeshure bari bamaze imyaka ibiri mu minwe y’umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram kur’uyu w’imana.

Abakobwa bashika 300 nibo bari banyurujwe bakuwe mw’ishure rya Chibok mu buraruko bushira ubuseruko bwa reta ya Borno mu mwaka w’2014, aho Boko Haram umaze kwica abanyagihugu bashika ibihumbi abarenga imiliyoni zibiri barahunga.

Mu ndwi irangiye, niho Boko Haram yarekura abakobwa 21 inyuma y'ibiganiro vyafashijwemwo n’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mbabare Croix Rouge hamwe na reta y’Ubusuwisi.


XS
SM
MD
LG