Uko wahagera

Imyiyerekano Hirya no Hino mu Burundi


Intumbero y’iyo myiyerekano kwari ugushigikira Leta y’Uburundi inyuma y’aho ifatiye ingingo yo gukura akarenge mu masezerano y’i Roma
Intumbero y’iyo myiyerekano kwari ugushigikira Leta y’Uburundi inyuma y’aho ifatiye ingingo yo gukura akarenge mu masezerano y’i Roma

Hirya no hino mu Burundi bitabiriye imyiyerekano. Intumbero y’iyo myiyerekano kwari ugushigikira Leta y’Uburundi inyuma y’aho ifatiye ingingo yo gukura akarenge mu masezerano y’i Roma.

Abitavye iyo myiyerekano mu gisagara ca Bujumbura bayihereye mu kibanza citiriwe umuryango w’ibihugu vyo kw’isi Place des Nations Unies uva muri zone Ngagara ugana hagati mu gisagara ca Bujumbura.

Abari bitavye iyo myiyerekano icabazanye kwari ugushigikira no gukeza Leta y’Uburundi, inama nshingamateka na nkenguzamateka kubona barafashe ingingo yo kuvavanura n’amasezerano y’i Roma ashinga sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Ikindi abari bitavye iyo myiyerekano bashikirije nk’uko vyari vyanditse ku vyapa bari bitwaje, n’ugushimira Leta y’Uburundi kubona yaravavanuye n’ikigo ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi.

Umunyamabanga mukuru w’umukuru w’igisagara ca Bujumbura niwe yara’arongoye imyiyerekano y’uno wa gatandatu. Ramadhani Nkurikiye yasiguriye abaje mi myiyerekano ko kubona Leta y’Uburundi ivavanura na sentare mpuz’amakungu mpanavyaha y’I LaHaye atari uguhunga ubutungane.

Ahandi habereye imyiyerekano ni mu gisagara ca Ngozi, aho abanyagihugu amajana bagize urugendo barikumwe na Pascal Barandagiye, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

Abanyagihugu bitavye urwo rugendo bavugako bashigikiye ingingo ya leta y’u Burundi yo gusokora muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yashimiye abitavye urugendo kubera babandanya bahaguruka bakiyamiriza abo yise abansi ba demokarasi.

Muri urwo rugendo , harimwo kandi abashingamateka batowe mu ntara ya Ngozi, imvukira n’abajejwe intwaro muri iyo ntara, uhereye kuri buramatari Albert Nduwimana.

Umushingamateka Agathon Rwasa yatowe mu runani Amizero y’abarundi akaba arongoye n’umugambwe FNL vyavugwa ko ari mu gisagara ca Ngozi, ariko ntiyabonetse muri urwo rugendo rwabereye ku mugwa mukuru w'intara yatowemwo.

XS
SM
MD
LG