Uko wahagera

Centrafrique: Abantu 30 Barishwe mu Gisagara ca Kaga-Bandoro


Abarwanyi b'umurwi Seleka rebels ku mjurwa mukuru wa Centrafrique, Bangui, italiki 27, mu kwezi kwa mbere, umwaka w'2014
Abarwanyi b'umurwi Seleka rebels ku mjurwa mukuru wa Centrafrique, Bangui, italiki 27, mu kwezi kwa mbere, umwaka w'2014

Abantu 30 barishwe, abandi 50 barakomereka igihe ubwicanyi bwaduka, ku musi wa gatatu, mu gihugu ca Centrafrique. Ivyo vyatangajwe n’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U.

Abarwanyi bo mu murwi wahoze witwa Seleka, bagize igitero mu gisagara ca Kaga-Bandoro, imbere yuko batuzwa n’inteko zijejwe gucungera umutekano z’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U. Izo nteko zishe abarwanya ubutegetsi cumi na babiri. Abasivile icenda bari mu bapfuye.

Ico gitero bisa nuko cari kigenewe kwihora kw’iyicwa, ku musi wa kabiri, ry’uwikekwa ko yahoze ari umunywanyi w’umurwi Seleka.

Benshi mu bahoze barwanya ubutegetsi bari mu murwi Seleka, barasubiye kuja hamwe, mu gisagara ca Kaga-Bandoro, inyuma yuko bahunze umurwa mukuru, Bangui, haheze imyaka ibiri.

XS
SM
MD
LG