Uko wahagera

Uburundi Buriteguriye Kuva muri Sentare CPI


Pascal Nyabenda

Pascal Nyabenda

Inama nshingamateka y’Uburund ku wa gatatu, igenekerezo rya 12 ry’ukwezi kw’icumi, yaratoye integuro y’itegeko ritegekanya gukura Uburundi mu masezerano y’i Roma, ashiraho sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Abashingamateka 94 kw’110 bari bitavye ibikorwa vy’inama nshingamaeka, nibo bemeje iyo nteguro y’itegeko rituma Uburundi buva mur’iyo sentare Mpuzamakungu.

Haheze amasaha makeyi ku musi wa gatatu nyene, inama nkenguzamateka, nayo nyene yaciye itora gushigikira iyo nteguro y’itegeko rikura Uburundi muri sentare mpuazamakungu mpanavyaha.

Abategetsi b’Uburundi basiguye ko kuva mur’iyo senate bitewe n’ukuntu, iyo sentare, aho gukubita intahe mu gahanga abantu baregwa ko bateye akajagari n’umutekano muke mu Burundi, yaciye ibumviriza ngo yongera ikorera ku binyoma vyashikirijwe n’abo bantu.

XS
SM
MD
LG