Uko wahagera

Trump Ahakana Ivyagirizo vy'Ukurondera Gushurashuza Abapfasoni


Trump in Panama City FL

Trump in Panama City FL

Umukandida w’Umurepublika, Donald Trump, yatangaje, ku musi wa kane, kw’ivyagirizo vyashizwe ahabona n’abapfasoni bane vyuko yabasomye yongera arabakorakora ku bice vy’umubiri wabo vyisoneye batabimurekuriye, ari ibinyoma vyambaye ubusa.

Trump avuga ko uwo bahiganwa mu matora y’umukuru w’igihugu, yo mu kw’italiki umunani z’ukwei kw’icumi na rimwe, umudemokrate, Hillary Clinton, n’umugabo wiwe, Bill Clinton, yahoze ari umukuru w’igihugu, bazi neza kw’ivyo vyagirizo atari ivy’ukuri. Trump, avuga ko itangazamakuru rikorana na Hillary Clinton. Kw’itangazamakuru ryashize ahabona ivyo vyagirizo, mu mugambi w’ugutuma adatsinda amatora.

Ivyo Donald Trump, yabitangaje inyuma yuko abapfasoni bane, bashize ahabona ivyo vyagirizo, bavuzeko yagerageje kubashurashuza batabishaka.

Ivyo bibaye imisi mikeyi inyuma yuko amajwi yafashwe, mu mwaka w’i 2005, avuga ko yashobora gukorakora ibice vy’umubiri w’abapfasoni ata nkurikizi, kubera ari umuntu rurangiranwa.

Abo bapfasoni, mu vyo batangaje vyasohotse, ku musi wa gatatu, mu binyamakuru, The New York Times, The Palm Beach Post and People.

Yamenyesheje kw’ivyashikirijwe n’ikinyakmakuru, New York Times, ari ibintu vyarementanijwe. Atangaza kw’abashingwamanza biwe bariko bitegurira kwitwarira ico kinyamakuru.

XS
SM
MD
LG