Uko wahagera

Nigeriya: Abigeme 21 Bari Banyurujwe Barekuwe


Abategetsi b’igihugu ca Nigeriya bavuga kw’abanyeshule b’abigeme 21 banyurujwe n’umurwi Boko Haram, mu mwaka w’i 2014, barekuwe.

Umuvugizi wa prezida wa Nigeria, Muhammadu Buhari, yatangaje uno musi kuri Twitter, kw’abo bigeme 21 bari muri iki gihe mu minwe y’inzego zijejwe iperereza z’igihugu.

Umugizi wa prezida Buhari, Mallam Garba Shehu, avuga ko irekurwa ry’abo bigeme vyavuye ku biganiro hagati ya Reta ya prezida Buhari, n’umurwi Boko Haram, vyahagarikiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe gutabara, Croix Rouge, hamwe na Reta y’igihugu c’Ubusuwise.

Garba Shehu, avuga ko kw’ibiganiro bizobandanya ku bandi bigeme banyurujwe. Yamanyesheje kw’abigeme barekuwe bazoshikirizwa icegera ca prezida, Yemi Osinbajo, kandi kw’amazina yabo azomenyekana vuba.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika, Associated Press, risubiramwo umutegetsi w’umusirikare wo muri Nigeriya, avuga kw’abigeme 21 barekuwe inyuma yuko Reta ya Nigeriya yemeye kurekura abayobozi bane b’umurwi Boko Haram bari bapfunzwe.

Amakuru atangazwa amenyesha kw’abo bigeme 21 barekuwe ku muhingamwo wo ku musi wa kane, mu gisagara ca Banki, kiri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeriya. Ayo makuru atangaza ko bajanywe n’indege ya kajugujugu ku murwa mukuru wa Reta ya Borno, Maiduguri.

XS
SM
MD
LG