Uko wahagera

Amerika n'Uburusiya Mu Biganiro Kuri Siriya


Umushikiranganji Sergei Lavrov w’Uburusiya na Sekreteri wa reta w’Amerika John Kerry

Umushikiranganji Sergei Lavrov w’Uburusiya na Sekreteri wa reta w’Amerika John Kerry

Uburusiya bwatangaje ko bugiye kuvugana na Leta zunze ubumwe z’Amerika ku kibazo c’intambara yo muri Siriya hamwe n’ibindi bihugu bikomeye vyo mu karere Siriya giherereyemwo k’umusi wa gatandatu I Lausanne mu Busuwisi.

Amakuru ava mu bushikiranganji bw’imigenderanire mu Burusiya, avuga ko umushikiranganji Sergei Lavrov w’Uburusiya na sekreteri wa reta w’Amerika, John Kerry bemeranije kuzohura kugira bafate icemezo kur’iyo ntambara.

Abandi bashikiranganji b’imigenderanire bazokwitaba iyo nama n’uwa Turukiya, Qatar, Arabiya Sawudite na Irani.

Uyo mubonano uje mugihe Amerika yaheruka guhagarika ibiganiro n’Uburusiya inyuma y’aho Uburusiya bubandanije ibitero mugisagara ca Aleppo.

XS
SM
MD
LG