Uko wahagera

Papa Faransisiko Asaba Ihagarikwa ry'Intambara muri Siriya


Mw’ijambo yama yashikirije buri ndwi I Vatican, Papa kur’uyu wa gatatu yatangaje ko abasivile bakwiye guhabwa agahengwe
Mw’ijambo yama yashikirije buri ndwi I Vatican, Papa kur’uyu wa gatatu yatangaje ko abasivile bakwiye guhabwa agahengwe

Papa Faransisiko yateye akamo amakungu asaba ko intambara muri Siriya ihagarara bidatevye.

Mw’ijambo yama yashikirije buri ndwi I Vatican, Papa kur’uyu wa gatatu yatangaje ko abasivile bakwiye guhabwa agahengwe cane cane abana, kugira bashobore kuva mubice bivugwamwo intambara.

Utwigoro two guhagarika intambara twakozwe n’amakungu ntaco twashitseko. Akarorero ka hafi n’amasezerano yo guhagarika imirwano muri Aleppo yemejwe mu kwezi guheze hagati ya Leta zunze ubumwe z’Amerika n’Uburusiya ariko atubahirijwe.

Ibitero vy’indege z’Uburusiya vyarasubiye kur’uyu wa kabiri mu gisagara ca Aleppo, ibitero vyahitanye abantu barenga 20.

XS
SM
MD
LG