Uko wahagera

Nijeriya: Abarya Ibiturire Bahagurukiwe


Umukuru w’igihugu ca Nijeriya, Muhammadu Buhari yiyemeje ko agiye kurandurana n’imizi ukurya ibiturire mu gihugu

Umukuru w’igihugu ca Nijeriya, Muhammadu Buhari yiyemeje ko agiye kurandurana n’imizi ukurya ibiturire mu gihugu

Mu gihugu ca Nijeriya, abashikirizamanza bo muri sentare nkuru hamwe n’abashikirizamanza mu ma sentare yo mu gihugu batari bake barahagaritswe batako batabwa mu mabohero bagirizwa kurya ibiturire no kwigenza nabi mu kazi.

Iryo sekeza ryakozwe n’abajejwe umutekano ku misi ya gatandatu n’uw’Imana.

Kimwe mu binyamakuru vyo muri Nijeriya, vyatangaje ko amafaranga arenga imiliyoni zibiri z’amadolari y’abanyamerika bayasanze anyegejwe mu nzu y’umwe mur’abo bashikirizamanza.

Umushikiranganji w’ubutungane wa Nijeriya, Abubakar Malami yatangaje ko iryo sekeza ririko rikorwa bivanye n’amakuru avuga ko hari ukurya ibiturire kurenze urugero mu rwego rw’ubucamanza.

Ministiri Malami yatangaje ko ayo matohozwa ku kurya ibiturire ari muvyo umukuru w’igihugu ca Nijeriya, Muhammadu Buhari yiyemeje ko agiye kurandurana n’imizi ukurya ibiturire mu gihugu.

XS
SM
MD
LG