Uko wahagera

Etiyopiya na Misiri Bafitaniye Amatati k'Uruzi Nil


Abakozi ba Etiyopiya bariko bubaka urugomero rw'umuyagankuba k'uruzi Nil

Abakozi ba Etiyopiya bariko bubaka urugomero rw'umuyagankuba k'uruzi Nil

Reta ya Etiyopiya iridogera igihugu ca Misiri kuba gishigikiye abayirwanya kandi no kuba arico catumye Etiyopiya ishirwa mubihe bidasanzwe k’umusi w’Imana.

Misiri yahakanye ko atamfashanyo iha abarwanya reta ya Etiyopiya.

Misiri na Etiyopiya bisanzwe bifitaniye amatati ku mazi yo mu ruzi Nile, aho Misiri ivuga ko urugomero rw’umuyagankuba ruriko rwubakwa na Etiyopiya kur’urwo ruzi ruzogabanya amazi Misiri kironka.

Mwomenya ko abanyagihugu barenga 50 aribo bishwe mu misunikano yabaye haraheze indwi irenga muri Etiyopiya inyuma y’aho abajejwe umutekano barasiye abari mu myiyerekano mu ntara ya Bishoftu, iri mu bumanuko bushira ubuseruko bw’umurwa mukuru Addis Abeba.

Urwo ruhagarara rwatumye haduka imigumuko mu ntara ya Oromiya aho imirima, amahinguriro n’inyubakwa za reta vyaturiwe mu ndwi iheze.

XS
SM
MD
LG