Uko wahagera

Perezida Putin Yasibije Urugendo mu Bufaransa


Perezida Francois Hollande w'Ubufaransa i bubamfu, na Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya i buryo.
Perezida Francois Hollande w'Ubufaransa i bubamfu, na Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya i buryo.

Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya yasibije urugendo yari kuzogira mu Bufaransa inyuma y’aho Perezida Francois Hollande w’Ubufaransa atangarije ko yipfuza ko bazovugana ivy’intambara yo muri Siriya.

Perezida Putin yategekanya kugendera Ubufaransa italiki 19 z’uku kwezi kw’icumi mu birori vyo kwugurura isengero nshasha y’aba Orthodox.

Ku musi wa mbere, umushikiranganji w’Ubufaransa ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu Jean-Marc yatangaje ko Uburusiya bushobora kurengutswa mbere santare ku vyaha vyo mu ntambara kubw’ibitero vy’indege bukora mu gisagara ca Aleppo muri Siriya.

Uburusiya bwamye buhakana ko budatera abasivile, ariko ko burwanya imihari y’iterabwoba bufatanije na reta ya Perezida Bashar al-Assad wa Siriya.

XS
SM
MD
LG