Uko wahagera

Umuhuza mu Biganiro by'Abarundi ni we Kamara


Ambasaderi Liberat Mfumukeko
Ambasaderi Liberat Mfumukeko

Haraheze indwi zibiri ijwi rya Amerika ryavuganye na Maitre Dieudone Bahirahishize, umwe mubaserukira amashirahamwe yigenga yari i Arusha muri Tanzaniya. Yavuze ko ibiganiro bihuza abarundi bisa nivyadindiye kandi ko intandaro ya vyose arumunyamabanga mukuru w’Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko.

Amashirahamwe yigenga co kimwe n’imigambwe itavugarumwe na Leta y’Uburundi bamwagiriza ko ashira imbere inyungu za za Perezida w’Uburundi mugutuma atangingo zo guhagarika ubwicanyi zifatwa.

Umunyamabanga mukuru w’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko arahakana ivyo yagirizwa. Ambasaderi Liberat Mfumukeko avuga ko ataruhara na ruto afise mu biganiro kuko ingingo zifatwa n’abatwara ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko. Amenyesha ko igikorwa ciwe arukuraba imfashanyo zigenewe ibiganiro gusa.

Agira ati ushaka kuvuga ivyo bamvugako ko mfise uruhara mugutuma ibintu bitagenda neza canke biteba mubiganiro bihuza abarundi. Ibiganiro biyobowe na Perezida w’Ubuganda Yoweri Museveni yashizweho n’inama y’abakuru bibihugu.

Iyonama nyene yashizeho uwahoze atwara Tanzania Mukapa ngo abe umufasha murivyo biganiro, ninawe ariko abikurikiranira hagufi ubu. Aha nshaka kuhahagarara cane. Inama yabakuru bibihugu yagenye abo, irandengeye cane. Nibo bantwara mbere. Ingingo zifatirwa ahantu jew ntashobora no kwegera, ntaruhara na ruto ndabifisemwo.

Iconkora gusa n’ugushigikira intumbero yabo. Jew banshinze kuraba ivy’imfashanyo zitangwa kugira ibiganiro bibe, ivyerekeye amafranga. Ntakindi. Vyumvikana ko umuhuza adashobora kumpa raporo jewe ahubwo ayiha uwo bakorana ariwe Perezida Museveni.

Liberat Mfumukeko yatangaje kandi ko ingingo iheruka gufatwa na sentare y’uwu muryango wa Afrika y’Ubuseruko atangaruka izogira kubiganiro. Iyo ngingo ivuga ko umukuru w’igihugu c’Uburundi yisunze amategeko agenga igihugu mu kwitoza

Urubanza ruheruka gucibwa na Sentare y’Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko ntaco ruzohindura mu biganiro namba. Ehe raba namwe Sentare yavuze ko idashobora guhindura ingingo ya sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro mu Burundi. Iyo nayo yaciye urubanza mu mwaka uheze ko perezida Petero Nkurunziza afise uburenganzira bwo gusubira kwitoza.

Nukuvuga ko ukwitoza kwiwe kwakurikije amategeko. kandi ivyo simpaka bose babihurizeko. Kubitwerekeye twebwe tuguma dukora ibishoboka vyose kugira abegwa namatati baje mubiganiro bifadika kandi bihuza bose bizozana umuti urama. Twizeye ko amatati azohera neza.

Hama twirizeye kandi ko mu matora yo mu mwaka w’2020 ibintu bizogenda neza kurusha.

Bitegekanijwe ko ibiganiro bihuza abegwa n’amatati mu Burundi bisubira gutangura vuba naho umunyamabanga mukuru wa EAC atashimye gutanga.

Pierre Claver Niyonkuru, i Arusha, kubw’Ijwi rya Amerika

XS
SM
MD
LG