Uko wahagera

Kolombiya: Agashimwe Ka Perezida Santos Kazofasha Abanyagihugu


Perezida wa Kolombiya, Juan Manuel Santos (Ibubamfu) ariko yerekana Agashimwe kitiriwe Nobel Aheruka kuronswa
Perezida wa Kolombiya, Juan Manuel Santos (Ibubamfu) ariko yerekana Agashimwe kitiriwe Nobel Aheruka kuronswa

Perezida wa Kolombiya, Juan Manuel Santos yamenyesheje ko agashimwe kitiriwe Nobel yahawe agiye kugafashisha abasinzikajwe n’intambara yamaze imyaka 50 hagati ya reta n’abarwanyi bo mu muhari FARC.

Santos yahawe agashimwe gafise agaciro k’ibihumbi amajana icenda vy’amadolari y’abanyamerika k’umusi wa gatanu kuko yashikanye igihugu ku masezerano y’amahoro mu ntango z’uyu mwaka.

Yatangaje kur’uyu w’Imana ko azotanga ayo mafaranga ku migambi y’iterambere, no ku mashirahamwe afasha abasinzikajwe n’intambara hamwe n’imigambi yo gusubiza hamwe abanyagihugu.

XS
SM
MD
LG