Uko wahagera

Donald Trump na Hillary Clinton Bongeye Guhura Mu Kiganiro


Umukandida Donald Trump na Hillary Clinton mukiganiro kigira kabiri, kuri Kaminuza Washington University, i St.Louis, Missouri
Umukandida Donald Trump na Hillary Clinton mukiganiro kigira kabiri, kuri Kaminuza Washington University, i St.Louis, Missouri

Umurepublikani Donald Trump n’umudemokrate Hillary Clinton bongeye guhura ubugira kabiri kur’uyu w’Imana aho bishuye ibibazo vy’abamenyeshamakuru.

Ikiganiro kibaye mugihe bamwe mu bo mu mugambwe w’aba republikani bariko basaba Donald Trump kuva mw’ihiganwa inyuma y'aho hubukiye ikibazo catewe na videwo yafashwe mu mwaka w’2005 imwerekana avuga amajambo ateye isoni ku bakenyezi.

Trump na Clinton bishuye ibibazo vy’abanyagihugu bataratora aho bahagaze, ibibazo bishuriye muri kaminuza yitwa Washington University, mu gisagara ca St. Louis, muri reta ya Missouri.

Vyagaragaye ko bose bavuga rumwe ko umugambi wo kuvuza abanyagihugu wiswe Obama Care ataco wafashije abanyamerika, Hillary akavuga ko agiye kuwuvugurura. Trump we avuga ko azowukuraho awusubirize uwundi mushasha.

Ikindi kibazo cafashe umwanya n’ikijanye n’amatagisi, aho Clinton yavuze ko azotangisha amatagisi menshi abatunzi, ni mugihe Donald Trump ariko yagirizwa ko yamaze imyaka ishika 20 adatanga amatagisi, aho yisiguye ko ico gihe yakoze ahomba.

Ikindi kiganiro hagati yabo ari naco canyuma imbere y’uko amatora aba kizoba kw’italiki 19 z’uku kwezi kwa cumi.

XS
SM
MD
LG