Uko wahagera

USA: Donald Trump Ntarota Ava mu Matora


Umukandida Donald Trump aramutsa abanywanyi biwe hanze y'inyubakwa yiwe i New York

Umukandida Donald Trump aramutsa abanywanyi biwe hanze y'inyubakwa yiwe i New York

Muri Leta zunze ubumwe z’Amerika, Umukandida wo mu mugambwe w’aba Republika aharanira ikibanza c’umukuru w’igihugu Donald Trump yashikirije ubutumwa bwa tweeter kur’uyu wa gatandatu ko atarota ava mw’ihiganwa.

N’inyuma y’aho ibinyamakuru vyo muri Amerika biriko vyerekana Videwo yafashwe mu mwaka w’2005 imwerekana avuga amajambo ateye isoni ku bakenyezi.

Amenyesha ko abariko bakora ivyo bose bashaka gusamaza abanyagihugu mugihe hasigaye ikiringo c’ukwezi ngo habe amatora.

Abategetsi bakomeye mur’uyo mugambwe barimwo umukuru w’inama nshingamateka Paul Ryan, Senateri Mitch McConnell arongoye umugwi w’abashingamateka b’aba republika, bashikirije ko ayo majambo ari mur’iyo videwo ateye isoni.

Eka na senateri John Kasich na Dr. Ben Carson bahoze bahiganwa nawe ndetse na Mike Pence yahisemwo kumubera icegera, bose bashikirije ko ayo majambo ari mur’iyo videwo ateye isoni. Umukenyezi wa Donald Trump, Melania Trump we yavuze ko atari azi ko umugabo wiwe ar’uko ameze.

Ivyo bibaye mugihe kur’uyu w’Imana Donald Trump na Hillary Clinton baza kwongera guhurira hamwe ubugira kabiri kwishura ku bibazo babazwa n’umumenyeshamakuru ku migambi yabo.

XS
SM
MD
LG