Uko wahagera

Impunzi Zirenga 100 Zarokowe mu Bugiriki


Impunzi zariko zigerageza kwinjira bu Bulayi
Impunzi zariko zigerageza kwinjira bu Bulayi

Abasirikare b’Ubugiriki bagenzura inkengera z’ibiyaga bamenyesha ko barokoye impunzi n’abimukira bashika kw’131 kur’uyu wa gatandatu inyuma y’aho ubwato izo mpunzi zarimwo bwagira bwibire mw’ibahari.

Amakuru yatangajwe ubwa mbere, avuga ko abo bimukira bariko bagerageza gushaka kwinjira mu Butaliyano. Nta makuru y’ubwenegihugu bw’izo mpunzi canke aho ubwo bwato bwari buje buva aramenyekana.

Hagat’aho, kuwa gatandatu nyene, abanyagihugu b’ahitwa Pierrefeu, mu bumanuko bushira ubuseruko bw’Ubufaransa baragize imyiyerekano yo kwanka impunzi zaje ziva mu kambi y’I Calais ziriko zimurirwa na reta mu bindi bice vy’igihugu.

Abafise umutima w’impuhwe basaba abandi kugira umutima w’urukundo, mugihe abandi bafise impungenge z’uko bashobora guhungabanya umutekano wabo.

XS
SM
MD
LG