Uko wahagera

Ubudagi: Igipolisi Kiriko Kirondera Uwushaka Kugaba Igitero


Igipolisi c’Ubudagi kuva kur’uyu wa gatandatu kiriko kirahiga umugabo w’imyaka 22 azwi kw’izina rya Jaber Albakr, inyuma y’aho kironkeye amakuru ko yoba ariko ategura kugaba igitero c’iterabwoba.

Abategetsi baramaze guhagarika abantu batatu, inyuma y’aho basakiye inzu mugisagara ca Chemnitz (KEHM-nits) kiri mu buseruko bw’Ubudagi bakayisangamwo ibisasu biturika.

Igihugu c’Ubudagi mur’iri ci riheze carabayemwo ibitero. Umuhari wa reta ya Kiyisilamu wemanze ko wagavye bibiri m’ukwezi kw’indwi, kimwe wagikoze kugariyamoshi hafi y’ahitwa Wurzburg ikindi ahitwa Ansbach cakomerekeje abantu 20.

XS
SM
MD
LG