Igihuhusi kivanze n’imvura ciswe Matthew kiriko gisa n’ikirangira, inyuma y’urugendo rurerure cagize kiva mu mazinga ya Karayibe kikabandanya no gushika ku nkengera za Leta zunze ubumwe z’Amerika.
Kirangiye gihitanye abashika ku gihumbi benshi cabiciye muri Haiti. Gisize kandi imiryango mu kangaratete, aho cahitanye imirima y’abanyagihugu mu bihugu vya Republika Dominikano, Jamaica, Cuba n’izinga rya Bahamas.
Mu ma reta ya Florida na Carolina ya Ruguru ari mu bumanuko bw’Amerika havugwa imyuzure y’amazi yateye igice kigera ku birometero 950. Vyatumye Perezida Barack Obama atangaza ko amareta ane ashizwe mu bihe bidasanzwe, aho abantu bashika 10 bavugwa ko bahitanwe n’ico gihuhusi.