Uko wahagera

Igihuhusi Matthew Cacurese, Inyuma yo guhitana Abashika 1000

Amabarabara y'i Jacksonville Beach muri Reta ya Florida, inyuma y'aho Igihuhusi Matthew Kihaciriye
Amabarabara y'i Jacksonville Beach muri Reta ya Florida, inyuma y'aho Igihuhusi Matthew Kihaciriye

Igihuhusi kivanze n’imvura ciswe Matthew kiriko gisa n’ikirangira, inyuma y’urugendo rurerure cagize kiva mu mazinga ya Karayibe kikabandanya no gushika ku nkengera za Leta zunze ubumwe z’Amerika.

Kirangiye gihitanye abashika ku gihumbi benshi cabiciye muri Haiti. Gisize kandi imiryango mu kangaratete, aho cahitanye imirima y’abanyagihugu mu bihugu vya Republika Dominikano, Jamaica, Cuba n’izinga rya Bahamas.

Umukenyezi ariko aca mu mwuzure mw'ibarabara agerageza kuja kurondera ahari inzu yiwe, mu gisagara ca Savannah, muri Reta ya Georgia, muri Amerika.
Umukenyezi ariko aca mu mwuzure mw'ibarabara agerageza kuja kurondera ahari inzu yiwe, mu gisagara ca Savannah, muri Reta ya Georgia, muri Amerika.

Mu ma reta ya Florida na Carolina ya Ruguru ari mu bumanuko bw’Amerika havugwa imyuzure y’amazi yateye igice kigera ku birometero 950. Vyatumye Perezida Barack Obama atangaza ko amareta ane ashizwe mu bihe bidasanzwe, aho abantu bashika 10 bavugwa ko bahitanwe n’ico gihuhusi.

XS
SM
MD
LG