Uko wahagera

Burundi: Imyiyerekano yo Kwiyamiriza ONU Irabandanya i Bujumbura


Abantu batari bake bifadikanije n'abategetsi ku mugwa mukuru Bujumbura n'amashirahamwe yigenga biyamiriza igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi basaba ko cofutwa.

Haraheze indwi zitatu ku mugwa mukuru Bujumbura hatunganywa imyiyerekano yo kwiyamiriza raporo y’abahinga ba ONU yabaye intandaro y’isabwa ry’umuzo w’umugwi wo gutohoza ku mabi yakozwe mu Burundi kuva mu mpera z’ukwezi kwa kane umwaka w’i 2015.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Bujumbura mu Burundi Eloge Willy Kanezani we utugezaho iyi nkuru.

XS
SM
MD
LG