Uko wahagera

Inguvu z'Igihuhusi Matthew Zagabanutse


Abanyagihugu b'i Vero Beach muri reta ya Florida muri Amerika bagenda mu mabarabara baraba ivyononekaye
Abanyagihugu b'i Vero Beach muri reta ya Florida muri Amerika bagenda mu mabarabara baraba ivyononekaye

Igihuhusi Matthew kiriko kirabica bigacika muri Reta ya Florida, mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Ico gihuhusi kirimwo imiyaga ikomeye cane n’imvura y’isegenya.

Igitigiri c’abahitanywe n’ico gihuhuhsi kibandanya kwiyongera mu gihugu ca Haiti aho catanguriye.

Ibiro bijejwe gukwirikirana ikirere, vyo muri Amerika bitangaza kw’igihuhusi Matthew, cagabanutse inguvu mu kumakuna ku rugero rwa gatatu, kiriko kibica bigacika mu bice biri ku nkengera z’ibahari muri Reta ya Florida.

Ivyo mu gihe ico gihuhusi kiriko gitera kija mu buraruko, n’uburaruko bushira uburengero, n’imiyaga y’ibilometero 195 kw’isaha.

Kimwe mu bice bigeramiwe bikomeye n’igihuhusi Matthew, ni komini yitwa Brevard, muri Reta ya Florida, aho ikibanza c’ibigendajuru vy’ishirahamwe NASA kiri.

Igihuhusi Matthew, cahitanye abantu amajana n’amajana, mu karere ka Karayibe, harimwo abashika amajana atatu muri Haiti.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, rimenyesha kw’Abanyahayiti imiliyoni zitandatu basinzijakwe n’igihuhusi Matthiew. Abantu bagera ku bihumbi amajana atatu na mirongo itanu bakeneye imfashanyo yihutirwa

XS
SM
MD
LG